Amakuru y'u Rwanda |
Abasirikare b'u Rwanda batangiye kuva muri Kongo Posted: 01 Mar 2009 06:58 AM PST
Ivyo birori vyari vyitabwe n'abasirikare b'u Rwanda, aba Kongo hamwe n'abandi batumire batandukanye Abashikiranji bo kwivuna abansi hamwe n'abimigenderanire b'u Rwanda na Kongo nibo bari bakuriye ivyo birori vyabereye i Goma. Abasirikare bashika igihumbi n'amajana atanu b'u Rwanda bavuye muri Kongo ku munsi w'ejo, u Rwanda rukaba ruvuga ko n'abandi bazokurikira. Abajejwe intwaro muri Kongo hamwe n'u Rwanda bose bavuga ko igikorwa cabahuje co guhiga FDLR cagenze neza. Ngo ibirindiro vyose bikomeye vy'uwo muhari barabisambuye mi bikorwa vyatanguye mu kwezi guheze. Abasirikare bashika ku bihumbi bitandatu nibo binjiye muri Kongo ku mwumvikano wabahaye hagati ya Kongo n'u Rwanda wo guhigira hamwe no kwaka ibirwanisho FDLR.
U Rwanda ruvuga y'uko aba FDLR benshi n'imiryango yabo batahukanywe mu Rwanda, Kongo nayo ikaba ishima ko CNDP itagiteye ikibazo. Ariko umuhari FDLR wowo uvugako ababarwanije ataco bashitseko, kuko ngo ibirindiro bivugwa ko vyasambuwe ata na kimwe cerekanywe. FDLR kandi ivuga ko ugutaha kw'abasirikare b'u Rwanda ari ikinamico, kuko ngo benshi cane bakiri muri Kongo. |
You are subscribed to email updates from Amakuru y'u Rwanda To stop receiving these emails, you may unsubscribe now. | Email delivery powered by Google |
Inbox too full? Subscribe to the feed version of Amakuru y'u Rwanda in a feed reader. | |
If you prefer to unsubscribe via postal mail, write to: Amakuru y'u Rwanda, c/o Google, 20 W Kinzie, Chicago IL USA 60610 |
Sem comentários:
Enviar um comentário