domingo, 1 de março de 2009

Amakuru y'u Rwanda

Amakuru y'u Rwanda

Link to Amakuru y'u Rwanda

Abasirikare b'u Rwanda batangiye kuva muri Kongo

Posted: 01 Mar 2009 06:58 AM PST

Abasirikare b'u Rwanda muri Kongo
Abasirikare b'u Rwanda muri Kongo
Ivyo birori vyari vyitabwe n'abasirikare b'u Rwanda, aba Kongo hamwe n'abandi batumire batandukanye

Abashikiranji bo kwivuna abansi hamwe n'abimigenderanire b'u Rwanda na Kongo nibo bari bakuriye ivyo birori vyabereye i Goma.

Abasirikare bashika igihumbi n'amajana atanu b'u Rwanda bavuye muri Kongo ku munsi w'ejo, u Rwanda rukaba ruvuga ko n'abandi bazokurikira.

Abajejwe intwaro muri Kongo hamwe n'u Rwanda bose bavuga ko igikorwa cabahuje co guhiga FDLR cagenze neza.

Ngo ibirindiro vyose bikomeye vy'uwo muhari barabisambuye mi bikorwa vyatanguye mu kwezi guheze.

Abasirikare bashika ku bihumbi bitandatu nibo binjiye muri Kongo ku mwumvikano wabahaye hagati ya Kongo n'u Rwanda wo guhigira hamwe no kwaka ibirwanisho FDLR.

Abarwanyi ba FDLR

U Rwanda ruvuga y'uko aba FDLR benshi n'imiryango yabo batahukanywe mu Rwanda, Kongo nayo ikaba ishima ko CNDP itagiteye ikibazo.

Ariko umuhari FDLR wowo uvugako ababarwanije ataco bashitseko, kuko ngo ibirindiro bivugwa ko vyasambuwe ata na kimwe cerekanywe.

FDLR kandi ivuga ko ugutaha kw'abasirikare b'u Rwanda ari ikinamico, kuko ngo benshi cane bakiri muri Kongo.

Sem comentários:

Enviar um comentário