sábado, 21 de fevereiro de 2009

Amakuru y'u Rwanda

Amakuru y'u Rwanda

Link to Amakuru y'u Rwanda

Alison Des Forges Yaratabarutse

Posted: 21 Feb 2009 07:18 AM CST

Alison Des Forges yaritavye imana
 
Alison des Forges
Alison des Forges
Alison Des Forges, umupfasoni w'umunya Amerika, karuhariwe mu kwiga ikibazo c'itsembabwoko mu Rwanda yaritavye imana azize isanganya ry'indege.
Alison Des Forges, yari umuhanuzi mukuru ajejwe igisata ca Afrika mu vyerekeye ugusonera uburenganzira bw'ikiremwa muntu.
Des Forges, yari umwe mu bihangange vy'abanonosoye ivyerekeye itsembabwoko ryo mu Rwanda ,mbere yari amaze kuja i Arusha kuri ya sentare yashingigwa u Rwanda ,kuba icabona mu manza 11 zirega abakoze ubwicanyi bwo mu 1994 mu Rwanda.
Mu mwaka w'1999 yaranabironkeye agashimwe bise Mac Arthur Fellow.
Nyakwigendera Des Forges yari atahutse muri Amerika inyuma y'urugendo yari avuyemwo i Bulaya ,aho yari avuye gucira ku mayange abaserukira ibihugu vyabo mu makungu, ku ko ibintu vyifashe mu karere k'ibiyaga binini.
Yari agiye iwe, kw'isabukuru ry'imyaka 58 umugabo wiwe amaze y'amavuka.
Indwi y'imbere y'uko yitaba imana, uwo mupfasoni yari yagiye i La Maison Blanche kubonana n'umukuru mushasha wa Amerika Barack Obama aho bavugana uko ikibazo c'ukugwanya iterabwoba kimeze.
Yatereye uruzogi i Schenectady i New York mu mwaka wa 1942 .
Des Forges asize umugabo, umukobwa n'umuhungu n'abuzukuru batatu.

Abahuza ibitsina babisangiye mu Burundi

Posted: 21 Feb 2009 07:15 AM CST

Umukuru w'inama nkenguzamateka y'u Burundi, Gervais Rufyikiri
Umukuru w'inama nkenguzamateka y'u Burundi, Gervais Rufyikiri

Inama nkenguzamateka yanse integuro y'itegeko yasaba guhanisha igipfungo abahuza ibitsina babisangiye.
Abakenguza mateka mirongitatu na batandatu kuri mirongine na batatu, banse integuro y'itegeko yasaba gupfunga abo bantu gushika ku myaka itatu.
Ivyatumye iyo nteguro y'itegeko yankwa ni vyinshi, muri vyo harimwo yuko ryateguwe nabi mu gihe ridatomora neza ibihanwa ivyo arivyo.
Abakenguza mateka basanze kandi mu gihe iryo tegeko ryotorwa, vyotuma haba imigambi myinshi ica ibura imfashanyo kuko abafasha bavuga ko rihonyora agateka k'ikiremwamuntu.
Iryo tegeko ryasaba ko abafashwe bahuje ibitsina babisangiye canke aberekana inyifato nk'iyo, bopfungwa gushika ku myaka itatu.
Mu Burundi abahuza ibitsina babisangiye bari batanguye kuja ahabona
Amashirahamwe y'agateka k'ikiremwa muntu yari yiyamirije iyo nteguro y'itegeko, Human Rights Watch ikaba yarandikiye umukuru w'igihugu hamwe n'inama nkenguza mateka, isaba ko iryo tegeko ritokwemezwa.
Abahuza ibitsina babisangiye, bari batanguye kuja ahabona mu Burundi bakaba mbere banafise ishirahamwe ribaserukira.
Ibiganiro nk'icaciye kuri BBC Gahuzamiryango, vyaratumye benshi bamenya ko mu Burundi abantu nk'abo bariho, naho vyateye umwidogo ku baharanira imico kama hamwe n'amadini.
Inama nkenguzamateka ariko yemeje izindi ngingo zose ziri muri iyo nteguro, harimwo gukurako burundu igihano co gupfa mu Burundi.
Iyo nteguro yasubijwe mu nama nshingamateka ngo isubire kwigigwayo.

U Rwanda ngo rwaba rwarumvikanye n'u Bufaransa kubya Kabuye

Posted: 21 Feb 2009 07:10 AM CST

Rose Kabuye ngo yagiye mu Bufarunsa ku bw'umwumvikano
Rose Kabuye ngo yagiye mu Bufarunsa ku bw'umwumvikano

Iyo nkuru yashyizwe ahagaragara ku itariki ya 04 z'ukwa mbere na ministre w'ububanyi n'amahanga w'u bufaransa Bernard Koushner, nyuma y'uko umunyanamakuru n'umwanditsi Pierre Péan asohoye igitabo kinenga imikorere y'uwo mu ministre.
Icyo gitabo Pierre Péan yise " Le monde selon K", uko Kousher abona isi, iyo "K" ikaba ari inyuguti itangira izina rya Koushner, kivuga ku myitwarire ya Koushner mu buzima busanzwe nk'umuganga, umutabazi ndetse n'umunyapolitiki
Ku birebana n'u Rwanda rero, igitabo cyemeza ko ngo Koushner yaba yarakoze ibishoboka byose ngo abangamire ikurikiranwa mu nkiko ry'abategetsi icyenda bo mu ngabo z'inkotanyi.
Bernard Kouchner
Abo bategetsi bakaba bari bararezwe n'umucamanza Jean Louis Bruguière kugira uruhare mu iraswa ry'indege y'uwahoze ayobora u Rwanda juvenal Habyarimana ku itariko ya 6 z'ukwa kane muri 1994. Iyo ndege ikaba yaraguyemo n'abafaransa batatu, ari bo babaye intandaro y'iki kirego cyatanzwe n'imiryango yabo mu Bufaransa.
Akibibona, Bernard Koushner yitabaje itangazamakuru ngo yiregure nk'uko na Pierre Péan yari yaryifashishije ngo amenyekanishe ibirego amurega mu gitabo cye.
Mu kiganiro cyihariye yagiranye n'ikinyamakuru Le nouvel Observateur cyo mu Bufaransa ku itariki ya 04 z'ukwa mbere, Koushner yabajijwe niba koko yaragerageje kubangamira ifatwa ry'abo bantu mu nyungu ze zo kugarura umubano hagati y'u Rwanda n'u Bufaransa.
Mu gusubiza, Kouchner aragira ati " abanyarwanda badusabye gukuraho inyandiko zifata bariya bantu mbere y'uko bafatwa. Twabasubije ko bidashoboka, ko ubutabera ari urwego rwigenga.
Nyuma, itsinda ry'abanyamategeko ryaje kugira inama u Rwanda ko kugira ngo rugere kuri dosiye yose y'ibirego nibura umwe muri icyenda baregwa agomba kwishyikiriza ubutabera bw'u Bufaransa. Ni byo uwahoze ayobora protocole ya Kagame, Roza Kabuye, yakoze."
Rose Kabuye
N'ubwo iryo fatwa rya Roza kabuye ministre Koushner yemeza ko ryari mu bwumvikane bw'impande zombi,ryakurikiwe n'ihagarikwa ry'akazi mu Rwanda, abantu bakwirwa mu mihanda bigaragambya.
Ndetse n'uhagarariye u Budage mu Rwanda aza guhambirizwa ngo abe asubiye mu gihugu cye. Roza Kabuye yajyiye mu Bufaransa abanje gufatirwa mu Budage, bukaba kimwe n'ibindi bihugu by'i Burayi butegetswe kubahiriza inyandiko zifata abantu zitanzwe n'igihugu cyo mu muryango w'ibihugu by'i Burayi.
Muri icyo kiganiro na none, Koushner yavuze ko atigeze agambanira igihugu cye cy'u Bufaransa mu Rwanda ngo abushinje uruhare mu itsembabwoko nk'uko bikomozwaho muri icyo gitabo. Ati " ingabo z'u Bufaransa zari zifite inshingano yo gutoza iz'u Rwanda ariko igihe cyose navuze ko nta ruhare zagize mu itsembabwoko".
Ati " mu rwego rwa politiki navuze ko habayeho kwibeshya mu gusesengura ibibazo, ariko ndagira ngo bisobanuke neza, sinigeze ntekereza ko François Mitterand, Edouard Balladur, Alain Juppé, Hubert Vedrine cyangwa Dominique de Villepin bagize uruhare urwo ari rwo rwose muri ayo mahano".
Abo bategetsi bose b'abafaransa bakaba bari ku rutonde rw'abandi bafaransa 33 akanama kitiriwe Mucyo kaemeje ko bakwiye gukurikiranwa mu nkiko kubera uruhare bagize mu itsembabwoko ryabaye mu rwanda muri 1994.

Sem comentários:

Enviar um comentário